
Francis ROHERO,azokwitoza kw’izina ry’umugambwe FPI-INEZA, Aloys KAMENYERO yitoza nk’uwigenga avugako agomba kugarukana intwaro ya Cami hamwe na Agathon RWASA yitoza nk’uwigenga, kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Munyonyo 2026 niho bashikana dosiye zabo mumurwi CENI.Abo bose uko ari batatu bakaba babwiye abamenyeshamakuru ko bipfuza gushirahamwe inguvu n’abarundi bose kugira bateze imbere Uburundi.


Gushika kuri uyu wa gatandatu, abamaze gutanga dosiye zabo ngo bazohiganirwe intebe y’Umukuru w’Igihugu mw’itora ryo 2027, bakaba ari batandatu.Igikorwa cokwakira dosiye catanguye kw’igenekerezo rya 13 Munyonyo kikazorangira kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 22 Munyonyo 2026.

