
Abagize umurwi w’Igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI babandanije kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 19 Myandagaro 2026 igikorwa co kwerekana ibibanza bizoberamwo iyandikwa hamwe n’ahazobera itora ry’Umukuru w’Igihugu ryo mu 2027. Abitavye iyo nama bakaba bakengurukiye umurwi CENI ukungene watunganije ico gikorwa. Uwurongoye umurwi CENI Prosper NTAHORWAMIYE, akaba yatekereye impanuro kuzoshiraho intahe ishize mukwemera ibizoba vyavuye muriryo tora.


