
Abarongoye umurwi w’Igihugu ujejwe amatora CENI, bagiranye inama kuri uyu wambere igenekerezo rya 17 Myandagaro 2026 kumurwa mukuru w’intara ya Butanyerera abegwa n’itora ry’Umukuru w’Igihugu ryo mu 2027 bose harimwo abajejwe intwaro uhereye kuri Buramatari,abajejwe umutekano,abanyamigambwe,abanyamadini,abarongoye amashirahamwe adaharanira inyungu za politike n’abarongoye indero mumakomine. Uwurongoye umurwi CENI,Prosper Ntahorwamiye yamenyeshejeko intumbero y’iyo nama kwari ukurabira hamwe ibibanza vy’iyandikwa n’ivyitora mumakomine 8 agize iyo ntara ya Butanyerera. Abitavye iyo nama bakaba bashimyeko atamakosa yagiyemwo munteguro y’ico gikorwa. Prosper Ntahorwamiye akaba yatekereye impanuro abegwa bose n’iryo tora ko mugutora abazoba bakenewe mubikorwa vy’iyandikwa n’abazokora mubibanza vy’itora ko vyokorwa mumwumvikano ntangere Kandi kumugaragaro muntumbero wokwirinda imyidogo.


