Passer au contenu principal

CENI – Commission Electorale Nationale Indépendante du Burundi

Kuri uyu wambere igenekerezo rya 16 Munyonyo 2026, niho uwatanzwe n’Umugambwe APDR,akaba arinawe awurongoye yatanga ivyankerwa mumurwi CENI kugira azohiganirwe intebe y’Umukuru w’Igihugu mw’itora ryo 2027.Gabriel BANZAWITONDE, mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru, akaba yahamagariye abarundi kuzotora imigabo n’imigambi myiza y’abazokwitoza Kuko ngo utora nabi ugatwarwa nabi.Uwo arongoye Umugambwe APDR ntiyibagiye gukeza umurwi CENI ukungene uriko urakora mukubahiriza ikirangaminsi washizeho.Gabriel Banzawitonde, akaba agize gatatu inyuma y’umukandida wa CNDD-FDD, Général Major Evariste Ndayishimiye hamwe n’uwatanzwe na UPRONA, Abel Gashatsi.Abo ukwari babiri bakaba batanze ivyankenerwa muri CENI kumunsi wa 6 igenekerezo rya 13 Munyonyo 2026.