
Kuri uyu wagatanu igenekerezo rya 13 Munyonyo 2026 niho hatangura mumurwi CENI igikorwa cokwakira dosiye z’abazohiganwa mw’itora ry’Umukuru w’Igihugu rizoba kuwa 03 Rusama 2027.Bakaba bahereye kwakira Dosiye z’uwatanzwe n’Umugambwe CNDD-FDD Général Major Evariste Ndayishimiye asanzwe arongoye Uburundi.
Mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yashimiye abagumyabanga bamwizeye bakamushira imbere ngo abaserukire mw’itora ryo mu 2027.Akaba yasavye abarundi kubandanya batekanye.

