Passer au contenu principal

CENI – Commission Electorale Nationale Indépendante du Burundi

Kumunsi ugira Kane,abagize umurwi w’Igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI wabandanije kuri uyu wakane igenekerezo rya 20 Myandagaro 2026 igikorwa co kwerekana ibibanza vyategekanijwe kuzoberako iyandikwa hamwe n’ibibanza vy’itora muntara ya BURUNGA. Ijambo ryo kwakira abashitsi,Buramatari w’iyo ntara, Parfait MBONINYIBUKA akaba yasavye abanyaburunga kuzokwitera iteka mugufasha mubikorwa vyogutegura iryo tora mumahoro n’umutekano.Uwurongoye umurwi CENI, Prosper NTAHORWAMIYE akaba yasavye abajejwe intwaro kuzodomako urutoke abitavye Imana mugihe hazomanikwa intonde z’abazotora.Abanyamigambwe nabo,abasaba kurondera inderetsi kugira umunsi w’itora bazobe ivyabona y’ibizoba vyavuye muriryo tora muntumbero yogukinga amatati