Passer au contenu principal

CENI – Commission Electorale Nationale Indépendante du Burundi

kumunsi ugira kabiri,abagize umurwi CENI bagirishije inama kuri uyu wakabiri igenekerezo rya 18 Myandagaro 2026 abegwa bose n’itora ry’Umukuru w’Igihugu ryo 2027 bomuntara ya BUHUMUZA muntumbero yokurabirahamwe ko ibibanza vy’iyandikwa n’itora vyategekanijwe atagatosi karimwo. Mw‘ijambo ryo kwakira abashitsi, Buramatari w’iyo ntara ya Buhumuza Denise Ndaruhekere akaba yamenyeshejeko muntara arongoye umutekano ukwiye, ati ntankeka Ko itora rizogenda Kuko intango ari nziza.Afashe ijambo, uwurongoye umurwi CENI Prosper Ntahorwamiye yasavye abajejwe intwaro,inzego z’umutekano nokwivuna abansi, abenegihugu ,abanyamigambwe,amadini, abarongoye amashirahamwe adaharanira inyungu za politike n’abandi bose gushira inguvu hamwe kugira itora ry’Umukuru w’Igihugu rizogende neza atagatosi.