Kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 16 Mukakaro 2026 niho harahira uwuri mubagize umurwi CEPI mushasha muntara ya Gitega. BARANYEDETSE Claudine akaba asubiriye uwuherutse kugenwa muyandi mabanga y’Igihugu.Hisunzwe itegeko no 002/CENI/2026 ryo kuwa 14/7/2026 rishiraho abaserukira umurwi CENI muntara muntumbero yogutegura itora ryo 2027,imbere y’abagize ibiro vya CENI,afashe idarapo ry’Igihugu n’ukuboko kw’ibubamfu, ukw’iburyo hejuru, yarahiye avuga ati »Jewe BARANYEDETSE Claudine ndarahiye ko nzokwitwararika n’umutima wanje wose Kandi ataho mpengamiye igikorwa co gucungera ko amatora agenda neza no guharura amajwi nk’uko ari ».